UGUSHINGA N’UGUTUNGANYA ISHIRAHAMWE
INTANGAMARARA
Mu mibano no mu bihe vyose umuntu wese yama akeneye uwundi (canke abandi) kugira ngo abeho neza ashobore no gushika ku ntumbero yihaye. Kubw’ivyo arakeneye gukorana n’abandi.
Igituma akorana n’abandi biva kw’ishaka ryo kuronderera hamwe intego canke imbono bafitiye hamwe baba abantu basanzwe canke amashirahamwe (personnes morales). Ivyo biva kuvyo bita mu rurimi rw’ikiratini « intuitu personae » bisigura ngo mu kubikora uraraba uwo mukorana bivanye n’ico ugira ukore. Ukwo gufashanya rero nikwo ishirahamwe rizovuka riba rishingiyeko na cane cane mugihe baritanguye bari kumwe. Muri ico gihe, abo bantu bagiye gukorana barakorera hamwe urutonde ngenderwako rw’ivyo bazokora (plan d’affaire). Gukorera hamwe rero bisigura gufatira hamwe ingingo no gusangira ikivuyemwo (résultats), kiba kibi canke ciza. Mu gutangura rero ishirahamwe, gusabikanya ivyiyumviro n’uwo musangiye bizotuma muteza imbere imbono (créativité).
Kukaba nkako, ishirahamwe rihuza abagore n’abagabo banezerewe kuba hamwe, barengeye ibindi vyobatandukanya. Umwe weze aza afise intumbero yo kwagura ubugenzi, kuba hamwe n’abandi no kugira umuganda wiwe atereye muri iryo huriro ariryo shirahamwe rishasha ; kwaba kugirira hamwe imyimenyerezo yo kunagura amagara (sport), ibijanye n’ubuhinga canke akaranga, gufasha abatishoboye, kuva mu gacerere ka wenyene, gukingira ibidukikije, gushikiririza hamwe ibintu kanaka bikenewe aho uba canke mu gihugu, kwungura n’ivyiyumviro … canke mu ntumbero yo gukomeza umubano mu bihe benshi basa n’abatabona iyo bava n’iyo baja.
Kuja hamwe mu ntumbero yindi atari iyo amaronko birazana akayaga keza mw’isi aho gutera intambwe imbere mu buzima bisigaye bisa no kugira intsinzi. Benshi rero basa n’ababona ko isi isa n’iyiriko ibibagira, imyaka bigora iyo ariyo yose, mw’ishirahamwe bisanga bungutse izindi nguvu … canke mbere bakisanga mu rundi rukundo canke akamwemwe bari babuze.
Muri iyo si aho hari vyinshi bituyobera, ishirahamwe – isima yo gukomeza ubumwe- riragarukana umwizero wo kwubaka uwundi mubano utandukanye n’uwo umuntu aba yari asanzwemwo, aho bamutahura kandi bakora bunze urunani.
Gutangura rero ishirahamwe ni nko guteragira imbuto z’umubano ufise ubwisanzure kandi y’abunze ubumwe, kandi ifise kandi yitayeho ibintu arinayo tuzoraga urwaruka ruzovuka.
Kuko rishinze imizi mu mibereho y’abantu, kuko kandi rifise imizi mu muntu nyene ubwiwe, ishirahamwe ridaharanira inyungu z’umuntu bwite rirakwiriye kwitabwaho kugira rigire igihagararo ryaryo muri iyi yuzuyemwo indyane, kugira ngo umunyeshirahamwe yisange y’ubumwe n’umuvukano.
Iki cigwa rero gifise intumbero nyamukuru yo kwigisha abantu batari bwamenye uko bugurura n’ingene batunganya ishirahamwe ridaharanira inyungu z’umuntu ku giti ciwe bwite (Association). Iki gitabu kigizwe n’ibice bitandatu navyo birimwo ibindi bigabane bito bito.
Course Features
- Lectures 21
- Quizzes 1
- Duration 50 hours
- Skill level All levels
- Language Kirundi
- Students 1
- Certificate No
- Assessments Yes
-
IGICE CA 1: GUTANGURA ISHIRAMWE: INGENE BIKORWA
- Protégé : ICIGWA CA 1. KUBERA IKI UMUNTU AHITAMWO ISHIRAHAMWE RIDAHARANIRA INYUNGU Z’UMUNTU KU GITI CIWE
- ICIGWA CA 2. KUVA KU CIYUMVIRO CO GUSHINGA ISHIRAHAMWE: AMAKENGA UGENDA URAGIRA
- ICIGWA CA 3. GUTUNGANYA AMATEGEKO NGENDERWAKO Y’ISHIRAHAMWE, GUSHIRAHO AMATEGEKO NYUBAKARUGO NO GUKORANYA INAMA YA BOSE YO GUTANGUZA ISHIRAHAMWE
- ICIGWA CA 4. INTAMBWE YA 2 : IVYEREKEYE GUSHIRA ISHIRAHAMWE MU MATEGEKO
-
IGICE CA 2: INGENE ISHIRAHAMWE RIKORA
-
IGICE CA 3: GUTUNGANYA ISHIRAHAMWE
-
IGICE CA 4: GUKURIKIRANIRA HAGUFI, GUKOMEZA ISHIRAHAMWE
-
IGICE CA 5: GUTORERA UMUTI IBIBAZO
-
IGICE CA 6: UBUHINGA BUMWE BUMWE BWOKORESHWA
- ICIGWA CA 18. INYISHU KU BIBAZO MUSHOBORA KUZOKWIBAZA UMUNSI UMWE CANKE UWUNDI
- ICIGWA CA 19. IMPANURO ZIMWEZIMWE KU BATEGETSI B’AMASHIRAHAMWE
- ICIGWA CA 20. INZIRA ZIMWE ZIMWE ZOTUMA ISHIRAHAMWE RITERA IMBERE
- ICIGWA CA 21. INZIRA ZO GUKORA IBINTU UMUNTU YOKWUBAHIRIZA
- IKIBAZO / ISHIRAHAMWE RIHARANIRA INYUNGU