INTANGAMARARA
Ijambo « ishirahamwe ryo kurwiza umwimbu »n’ijambo rikoreshwa cane mur’ino misi cane cane ahakorerwa urudandazwa. Turarisanga kandi mugutandukanya ubuzi rikoreshwamwo (ishirahamwe ryo kurwiza umwimbu ry’uburimyi, ihinguriro, ishirahamwe ryo kurwiza umwimbu ry’ubutunzi…) no mumice itandukanye (ishirahamwe ryo kurwiza umwimbu ryigenga n’ishirahamwe ryo kurwiza umwimbu rya reta).
Dufatiye kundangurakintu, ishirahamwe ryo kurwiza umwimbu, umuce w’ubutunzi wigenga uharanira kurwiza ibidandazwa mukwinjiza inyingu, nic’itegererezo c’abenegihugu. Kanatsinda, iy’isi yacu igizwe ahanini n’ibikorwa biroresha k’ubudandaji.
Imbere y’ukudashobora gutorera umuti kukubura akazi canke guha akazi keza kubagasaba, abarongozi barashigikira imigambi y’abikorera utwabo yogutanga akazi nokwibeshaho. Muvyukuri rero, umwenegihugu wese ahamagariwe kuba uwukora utwiwe atarinze kuzera inze reta.
Izo n’ingingo zishoboka zisigura igituma ishirahamwe ryo kurwiza umwimbu ryabaye vyukuri ihuriro ry’inyungu niryo kwegerana kw’abantu.
Aka gatabo mfashanyigisho kazugururira amaso abantu bifuza kwinjira mubikorwa vyokwiteza imbere mukuba abikorera utwabo.