INTANGAMARARA
Ingwa ni ibuye rishwanyuka,akenshi riba ryera,rishobora guhingurwamwo ifu yoroshe isanzwe.Mubisanzwe riva mu kuzimu.
Hari ubwoko bubiri bw’ingwa ;
-Ingwa kama[craie naturelle]
-Ingwa z’impingurano[craie artificielle]
0.1. Ingwa kama
Ingwa kama ni ibuye rishwanyuka rigizwe n’icitwa karikere kandi ishobora gukanyishwa n’amazi.Igizwe n’uduhimba dutoduto cane twa karikere [0,2-0,003mm]dufatanye.
Iyo ngwa kama nayo nyene iri mu mice itatu :
-Ingwa yera ibice 90 kw’ijana vya karikere
-Ingwa y’umusenyisenyi
-ingwa y’ibumbabumba
0.2. Ingwa z’impingurano
Ni udukoni tw’utugegene dukozwe mw ‘ifu yera canke y’irindi bara bivanye n’ivyongewemwo,maze zigaheza zikandikishwa ku rubaho rwirabura.
Akenshi izo ngwa zikoreshwa cane n’abigisha co kimwe n’abanyeshure.
Ingwa mpingurano iba irimwo ibintu bitandukanye bivanye n’ugukoreshwa kwayo ;aho twovuga ;
-Ingwa ikozwe muco twita Tale
-Ingwa ikozwe muco twita calcite
-Ingwa mpingurano ya Tale
Muri kino cigwa co gukora ingwa tuza kurabira hamwe uko dushobora guhingiura ubwo bwoko bw’ingwa aribwo ingwa z’impingurano[craie artificielle].
Kugira dushobore gutahura uko izo ngwa zihingurwa,turashira iki cigwa mu mice ikurikira :
-Ibikoresho bikoreshwa mu guhingura ingwa
-ibintu bihingurwamwo ingwa
-Gutegura ivyogeshwa imashini
-Kwoza imashini
4
-Kuvanga POP n’amazi
-Gusuka uruvange rwa POP n’amazi mu mashini
-Gukura ingwa mu mashini
-Gukurikirana ingwa inyuma yo kuzikura mu mashini
-Gutekera ingwa