0. INTANGAMARARA

Isabune ni umutsima ugumye uboneka habaye ukuvanga kw’umuti witwa sude kositike canke Hydroxyde de sodium mu rurimi rw’igifaransa hamwe n’amavuta. Uburyo rero uwo mutsima wumye ukora mu kugwanya ubucafu, ni ugusambura amavuta yose aba agize ubwo bucafu hanyuma inguvu zabwo zimaze guhera bugaca busanzara ku buryo bica vyoroha ko butembanwa n’amazi.

Iyi sabune rero tuvuga ngaha ni isabune isanzwe ikoreshwa igumye kandi atari iy’amazi.

Uburyo rero ihingurwa twobishira mu mice mikuru mikuru

-Kumenya ibikoresho bikuru bikuru bikoreshwa

-Ibikorwamwo isabune

-Kuvanga amazi na sude kositike

-Kuvanga amavuta na sude

-Gukura uruvange mw’ivangiro

-Gukata isabune