INTANGAMARARA
Icigwa cokwikorera utwawe kirimwo imice myinshi abantu benshi birukira. Ibiharuro vy’abatagira akazi biguma vyiyongera kumusi kumusi na cane cane mubihugu atari bike bidateye imbere. Birakenewe rero cane gutegekaninya inyigisho kurwaruka no kuri uwe wese avyipfuza inyigisho zoroshe zimwugurira amaso n’ubwenge muntumbero yokwibeshaho.
Ni muri iyo ntumbero rero APEE yabategekanirije inyigisho zerekeye ubworozi kijambere bw’ingurube. Vyongeye, ubworozi bw’ingurube mugihe bukozwe neza burazana umwimbu mwiza, vyongeye, buroroshe gushira mungiro kandi hakoreshejwe uburyo buke.
Muri izi nyigisho, muzokwiga uko borora ingurube kuburyo kijambere aho muzomenya uburinganire bw’ikibanza muzokororeramwo, inzu y’ubworozi, ubwoko bw’ingurube bwo kworora, umwimbu wazo, uko zifungura, amagara yazo, n’ibindi n’ibindi.
Aka gatabu gakozwe mubibazo-nyishu kugira tubategure gutangura umugambi wanyu w’ubworozi bw’ingurube.